FBI yashize ahabona umugambi wo mu myaka ya 1980 wo kwica ...

26 May 2023

Umwamikazi Elizabeth II na  Ronald Reagan mu kirori i San Francisco mu  1983

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umwamikazi Elizabeth II na Ronald Reagan mu kirori i San Francisco mu 1983

Umwanditsi, Chloe KimIgikorwa, BBC News

Haciye amasaha 2

Umwamikazi Elizabeth II yarahatswe kugandagurwa igihe yari mu rugendo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1983, nk’uko biri mu nyandiko nshasha za FBI.

Ikigo Federal Bureau of Investigation (FBI) kijejwe igendereza ryo hagati mu gihugu cashize ahabona inyandiko za kera zerekeye ingendo za nyakwigendera Umwamikazi muri Amerika, inyuma y’urupfu rwiwe mu mwaka uheze.

Zerekana ingene FBI, ari nayo yafashije mu gucungera umutekano w’umwamikazi mu ngendo ziwe, yari ifise impungenge ku migambi mibi y’umurwi IRA.

Umugambi wo kumugandagura wabwiwe umupolisi muri San Francisco.

Nk’uko izi nyandiko zivyerekana, umupolisi yakunda kuja guteramira mu kabare k’abanya-Irlande muri San Francisco yagabishije abajejwe umutekano w’igihugu ku vyerekeye terefone y’umugabo bahuriye kuri ako kabare.

Uyu mupolisi yavuze ko uyo mugabo yamubwiye ko yariko ararondera guhora umukobwa wiwe “yari yiciwe muri Irlande ya Ruguru n’urusasu rwa plastiki”.

Ibi vyabaye ku wa 04 Ruhuhuma (2) 1983 – ukwezi kumwe imbere y’urugendo rw’Umwamikazi Elizabeth II n’umugabo wiwe Umuganwa Philip muri California.

Uru rwandiko ruvuga ruti: "Yari agiye kugerageza kugirira nabi Umwamikazi Elizabeth kandi yari kubikora mu kurekura ikintu ari ku kiraro ca Golden Gate Bridge akagitera mu bwato bw’umwamikazi, Royal Yacht Britannia, mu gihe bwari kuba buriko buca musi y’iki kiraro, canke naho akagerageza kwica Umwamikazi Elizabeth igihe yagendera ishamba ry’ibikoko, Yosemite National Park".

Mu kuzibiria, iki gisata c’igendereza categuye “kwugara inzira zagana kuri iki kiraro ca Golden Gate Bridge mu gihe ubu bwato bwari bwegereje”. Ntibizwi neza nimba izi ngingo zarafashwe muri Yosemite, ariko uru rugendo rwarabandanije. Nta makuru y’aboba barafashwe yashizwe ahabona na FBI.

Uru rwandiko rw’impapuro 102 rwashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi Vault, rusanzwe rusohora amakuru ya FBI, ku wa mbere, inyuma y’aho ibinyamakuru vya Amerika bitangiye icipfuzo c’itegeko ritanga ubwigenge bw’ibinyamakuru.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umwamikazi Elizabeth II n'Umuganwa Philip bavuganye n'abacungereye ishamba ry'ibikoko mu rugendo rwabo i Yosemite

Nyinshi mu ngendo z’umwamikazi muri Amerika, harimwo n’urwa 1983 ku nkengera z’ibahari mu burengero, zabaye mu gihe hari icuka kibi kivuye ku ndyane zo muri Irlande ya Ruguru.

Mu 1976, Umwamikazi yari mu gisagara ca New York mu birori vya Amerika vyo kwibuka imyaka 200 yari irangiye ironse ubwigenge.

Izi nyandiko zerekana ingene umudereva w’indege yarengukishijwe inyuma yo kugurura indege ntoya hejuru y’ikibanza citwa Battery Park ifise ivyandiko bivuga ngo “Ubwongereza, va muri Ireland".

Izi nyandiko zerekana ingene FBI yagumye imeze magabo ku cafatwa ko ryari iterabwoba nyaryo kuri nyakwigendera Umwamikazi.

Muvyarawe Lord Mountbatten yarishwe mu gitero ca bombe c’umuhari IRA hanze y’umweha wa County Sligo, muri Repubulika ya Irlande mu 1979.

Imbere y’urugendo rwa nyakwigendera Umwamikazi muri Kentucky mu 1989, urwandiko rwa FBI ruvuga ko “hari imigambi ikomeye y’umuhari Irish Republican Army (IRA) yo guhungabanya ubwami bw’Ubwongereza".

Rubandanya ko "Boston na New York zisabwa kuguma zigavye ku kintu ico ari co cose kibi gishobora kubangamira Umwamikazi Elizabeth II cova ku ruhande rw’abanywanyi ba IRA no kugitanda ubwo nyene muri Louisville", i Kentucky.

Nyakwigendera Umwamikazi azwi ko yagendeye Kentucky incuro nyinshi mu buzima bwiwe kurorera isiganwa ry’amafarasi, harimwo irizwi nka Kentucky Derby, na rirya yari asanzwe atunze amafarasi yo gusiganwa.

Mu rugendo rw’akazi mu 1991, Umwamikazi yategerezwa kuja kurorera urukino rwa baseball muri Orioles i Baltimore na Perezida George H Bush.

FBI yagabishije igisata kijejwe igendereza ko “imirwi yo muri Irlande” yariko itegura imyiyerekano ku kibuga kandi ko “umurwi w’abanya-Irlande wari waguze amatike” kugira ngo bitabire uru rukino.

Iki kigo cabwiye ikinyamakuru NBC News ko hashobora kuba n’izindi nyandiko hampande y’izi zashizwe ahabona muri ino ndwi, ariko nticavuze igihe kizozishirira ahabona.

Read more
Similar news