Insiguro y'isanamu,

Na Mansur Abubakar

BBC News, i Zaria

Mu - Figure 1
Photo BBC News

Haciye isaha 1

Kabir Abu Bilal si umwigisha wanyu wo muri kaminuza yo muri Nigeria asanzwe - afise akandi kazi yisumamwo ko gusudira mu buraruko bw'igisagara ca Zaria.

Gusudira ni akazi gafatwa na benshi nk'akagayitse muri Nigeria kandi yatangaje benshi- cane cane abo bakorana - igihe yuguruza inzu yiwe yo kuranguriramwo ibikorwa vyo gusudira.

Yabwiye BBC ati : "Nta soni mfise zo gusudira naho ndi umwigisha wo muri kaminuza. Ndabikuramwo amahera menshi".

Uyu mugabo w'imyaka 50 arigisha kandi agafasha abanyeshuri bakora ubushakashatsi mu gisata c'ubwubatsi muri kaminuza ya Ahmadu Bello, niyo nini kandi ni imwe muri za kaminuza zizwi cane muri Nigeria.

Amaze imyaka 18 akorayo kandi yarasohoye ibitabo vyinshi vya Physique/Physics no ku bijanye n'ubuhinga bw'umuyagankuba.

Uwo bakorana muri kaminuza, Prof Yusuf Jubril, asigura ko abantu bakorana babona ko ari ibidasanzwe avuga ati: "Ikibano kiratuma twiyumvira ko hari umuntu arengeye ubuzi kanaka ariko sivyo. Ivyo ariko arakora ntibigayitse ariko nivyo gushimwa kandi ndizera ko n'abandi bomwigirako."

Insiguro y'isanamu,

Amahera akura mu gusudira vyatumye umwigisha wa kaminuza agura imodoka yo mu bwoko bwa Mercedes-Benz

Prof Abu Bilal yemera ko abantu, cane cane abafise impapuro z'umutsindo za kaminuza, ko bakeneye kwuguruka mu mitwe ku bijanye n'ingene barondera ubuzima.

Mu - Figure 2
Photo BBC News

Skip podcast promotion and continue reading

End of podcast promotion

"Kugira amashuri ntibibuza umuntu gukora akazi nk'aka, ndatangara ko hari abantu bafise impapuro z'umutsindo zabo za mbere babona ko akazi nk'aka kagayitse".

Amajambo yiwe afise uruvugiro- nk'uko biri mu cegeranyo ca Stutern's Nigeria Graduate, abarenga 40% bahejeje amashuri ntibaronka ubuzi muri Nigeria, igihugu ca mbere muri Afrika gifise abantu benshi.

Yuguruye inzu ntoya yo kuranguriramwo udukorwa muri Zaria mu myaka nka 20 iheze.

Mu 2022, umwaka umwe inyuma y'aho abereye umwigisha wa kaminuza, yimukiye mu nyubakwa nini yasanzemwo ibikorwa vyinshi yokorera muri ico gisagara gifise iyi kaminuza.

Ibi vyatumye agura ibindi bikoresho vyo kurangura ibikorwa binini, nk'abamwitura bamusaba kubakorera ibintu nk'imiryango y'icuma n'amadirisha.

Avuga ati: "Ndakora akazi kose naho koba ari gato, naho yaba ari umuryango umwe, nzowusudira n'akamwemwe kugira ndonke agafaranga".

Kuva akiri muto, uno mwigisha wa kaminuza avuga ko yakunda gusambura no gufatanya ibikoresho n'ibintu nk'amaradiyo akaba ari navyo vyatumye atora umwuga wiwe.

Avuga ati: "Birababaje ko nasanze ubwubatsi ngaha babwigira mw'ishuri cane kandi jewe nifuza ahantu noshira mu ngiro ivyo nize".

Mu - Figure 3
Photo BBC News

"Ico cifuzo catumye nugurura inzu yo gusudiriramwo".

Aka kazi ko gusudira, uretse ko kamufasha gushira mu ngiro umwuga wiwe w'amaboko, kamufasha kandi mu kwikenura mu buryo bw'amafaranga.

Abigisha bo muri kaminuza muri Nigeria bamaze igihe bahanganye n'ingorane y'imishahara mito, benshi bahembwa ayari hagati y'amanayira 350,000 ($390; £305) na 500,000 ($555; £435) ku kwezi - kandi hakunze kwaduka impari ndende na reta ku bijanye no kwongerezwa umushahara.

Prof Abu Bilal avuga ko akazi k'ugusudira kamufashije kwiha ico ashaka akaba yarashoboye no kugura imodoka ikomeye ya - Mercedes.

Mu gihe c'ubukene, yaranafashije abahora bafata umwuga wiwe nk'uwugayitse.

"Mu 2022, igihe abigisha bo muri kaminuza baja mu myiyerekano yamaze amezi 8 kandi tutanahembwa, nama mfise amahera kubera aka kazi kandi hari bake mu bo twakorana baza kundaba bansaba ubufasha".

Prof Abu Bilal arizera ko azobera abandi akarorero mu gukora ubuzi nk'aka akora.

Insiguro y'isanamu,

Abimenyereza akazi bakunze kugumayo mu kiringo c'umwaka

Afise abimenyereza akazi 10 - bafise imyaka iri hagati ya 12 na 20 - aho akorerera abigisha ibijanye n'ubucuruzi.

Abataja kw'ishuri ku murango baba basigaye mu kazi ko gusudira iyo wewe aba yagiye kuri kaminuza.

Kwimenyereza akazi bitwara ikiringo kingana n'umwaka umwe - igihe baronse ubumenyi barashobora kuja gutanguza ubuzi bwabo.

Jibril Adam w'imyaka 18 avuga ati : "Aha hantu nahigiye vyinshi cane, ubu ndashobora gusudira ibintu vyinshi.

"Naho turi abimenyereza akazi, araduha amanayira 10.000 buri kwezi n'amahera yo kugura ivyo kurya buri munsi".

Uyu mwigisha wa kaminuza yiyemeje kandi ko abana biwe 5 batazoba abishira hejuru ku bw'amashuri bafise avuga ati : "Ndabazana ngaha mu minsi y'akaruhuko kuraba ingene akazi gakorwa. Ndashaka ko bavyiga kugira umunsi umwe bazoshobore kubikora".

Ku bwa Prof Abu Bilal, aka kazi kandi karamukwiriye, kuko ashobora kwigisha impande zose avuga ati: "Ndakunda gutanga ubumenyi".