Botswana ikangisha kurungika inzovu 20.000 mu Budagi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Botswana n'ibindi bihugu biri mu bumanuko bwa Afrika bifise inzovu nyinshi cane

Mu - Figure 1
Photo BBC News
Umwanditsi, Na Jacqueline HowardIgikorwa, BBC News

Haciye amasaha 9

Umukuru w'igihugu ca Botswana arakangishishe kurungika inzovu 20.000 mu Budagi kubera impari zo gukingira ibidukikije.

Mu ntango z'uyu mwaka, umushikiranganji ajejwe ibidukikije wo mu Budagi yasavye ko hakwiye gushingwa igitigiri ntarengwa co kugurisha hanze ibihimba bimwe bimwe vy'ibikoko (imitwe, inshato canke n'ibindi) abantu batwara nk'ivyubutso vy'uruhigi.

Prezida wa Botswana, Mokgweetsi Masisi, yabwiye ibimenyeshamakuru vyo mu Budagi ko ibi bizokenesha abantu bo mu gihugu ciwe gusa.

Yavuze ko ibitigiri vy'inzovu vyaduze cane kubera utwigoro two kubungabunga ibidukikije kandi kuzihiga vyafashije kugira ibitgiri vyazo ntibibe umurengera.

Masisi yabwiye ikimenyeshamakuru co mu Budagi citwa Bild ko Abadagi bakwiye "kubana n'inzovu nk'uko muhora mubitubwira. Kandi aho si ugufyina".

Botswana ifise ica gatatu c'inzovu zose ziri kw'isi - zirenga 130.000 - zitwara ikibanza kinini kurusha ico zagenewe.

Masisi avuga ko izo nzovu zonona ibintu, zikarya ibiterwa kandi zigahungabanya abanyagihugu.

Skip podcast promotion and continue reading

End of podcast promotion

Igihugu ca Botswana carahaye inzovu 8.000 igihugu kibanyi ca Angola, giha na Mozambique izindi ziharurwa mu majana mu ntumbero yo kugabanya igitigiri cazo.

Masisi yongeye avuga ati: "Turifuza guha Ubudagi akaganuke k'inzovu " kandi ko asavye ko batokanka.

Mu kwezi guheze, umushikiranganji w'amashamba wa Botswana, Dumezweni Mthimkhulu, yarakangishije kurungika inzovu 10.000 i London mu kibanza citwa Hyde Park kugira ngo Abongereza "bumve ingene bimeze kubana" nazo.

Mu kwa gatatu, abashingamateka bo mu Bwongereza baratoye umugambi wo gushigikira itegeko ribuza kuzana ivyibutso vy'uruhigi, ariko uwo mugambi utegerezwa kubanza kwigwa neza imbere y'uko uba itegeko nyezina.

Isezerano ryo kubuza kugura ivyibutso vy'ibikoko vyishwe wari mu vyo aba Conservateurs bari baremereye abanyagihugu mu matora rusangi yo mu 2019.

Botswana n'ibindi bihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika biraronka amahera menshi bikura ku mpusha biha abatunzi b'Abanyaburaya n'Abanyamerika kugira barase bice igikoko hanyuma bace batwara mu bihugu vyabo umutwe canke urushato rw'ico gikoko nk'icibutso.

Bavuga ko ayo mafaranga akoreshwa mu kubungabunga ibidukikije no gufasha abanyagihugu baba hafi y'amashamba kugira ntibaje guhiga ivyo bikoko mu buryo butemewe n'amategeko.

Amashirahamwe aharanira agateka k'ibikoko avuga ko ico gikorwa ari ububisha kandi gikwiye guhagarikwa.

Umushikiranganji w'amashamba yavuze ati: "Mu turere tumwe tumwe, hariyo ibikoko vyinshi gusumba abantu. Birica abana bihuriye mu nzira bicamwo. Birahonyanga imirima kandi bikarya ibiterwa, bigasiga Abanyafrika bashonje.''

Ubudagi ni co gihugu ca mbere mu bihugu bigize ishirahamwe rya Buraya EU/UE mu kugura ivyibutso vy'ibikoko mu bihugu vya Afrika nk'uko bishikirizwa n'icegeranyo ca Humane Society International co mu 2021.

Botswana mu 2014 yari yarafashe ingingo yo guhagirika ico gikorwa co guhiga ibikoko, ariko ica irisubirako mu 2019 inyuma yo kuremerwa n'abanyagihugu.

Ubu rero igihugu cashinze igitigiri ntarengwa c'ibikoko bihigwa ku mwaka, kivuga ko ubu bisabirwa uruhusha kandi kigenzurwa cane.

Vyaragaragaye ko bica inzovu kugira baronke imfungurwa baha ibikoko bibana n'abantu.

Umugore avugira ubushikiranganji bw'ibidukikije mu Budagi yabwiye itoroknirizo ry'amakuru AFP ko Botswana itigize ibwira Ubudagi ibijanye n'ico kibazo c'inzovu.

Yavuze ati: "Dukurikije igitigiri kinini cane c'ibinyabuzima biriko birahona, turafise igikorwa kinini co kurangura mu gukora ibishoboka vyose kugira igurwa ry'ivyibutso vy'uruhigi ribe mu buryo ataco ryononona kandi bwisunga amategeko".

Abandanya avuga ko yamara ubushikiranganji akorera bwagumye buganira n'ibihugu vyo muri Afrika vyagizweko ingaruka n'ayo mategeko y'ibidandazwa biva hanze, harimwo na Botswana.

Australia, Ubufaransa n'Ubudagi biri mu bihugu vyahagaritse urudandazwa ry'ivyibutso vy'ibikoko vyishwe.

Botswana, co kimwe n'ibihugu bibanyi vya Zimbabwe na Namibia, yavuze ko ikeneye kuronswa uruhusha rwo kugurisha amasenge y'inzovu ifise mu bubiko kugira ivane amafaranga mu bitigiri binini vy'inzovu ifise.

Ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika, n'amashirahamwe aharanira agateka k'ibikoko, barabinegura bavuga ko bishobora gutiza umurindi uruhigi rutemewe n'amategeko.