Abanywanyi ba Trump mu rugamba rwo kurondera amajwi y ...

4 Mar 2024

Ahavuye isanamu, AI-GENERATED IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Iyi ni imwe mu masanamu y'irementanya yahinguwe na AI yerekana Trump ari kumwe n'aburabure

Mu - Figure 1
Photo BBC News
Umwanditsi, Na Marianna SpringIgikorwa, BBC Panorama na Americast

Haciye isaha 1

Abanywanyi ba Donald Trump bariko bararementanya bongera bakwiragiza amashusho bahinyanyuye y’abirabure bakoresheje AI (Artificial intelligence, twogereranya n’ubwenge bw’ubukorano) mu guhimiriza Abanyamerika bakomoka muri Afrika gutora uno munyaporitike arondera guserukira umugambwe w’Abarepubulika mu matora yimirije.

BBC Panorama yaguye ku masanamu y’irementanya atari make asa n’ayerekana ingene abirabure bashigikiye uno yahoze ari umukuru w’igihugu ca Amerika.

Trump ariko ararondera ku mugaragaro amajwi y’abirabure, amajwi yagize uruhara rudasanzwe mu ntsinzi ya Joe Biden mu matora ya 2020.

Ariko nta cemezo na kimwe cerekana isano hagati y’aya masanamu n’imyiyamamazo ya Trump.

Umwe mu bashinze umuhari Black Voters Matter usanzwe uhimiriza abirabure kwitabira amatora, avuga ko ano masanamu yahinyanyuwe ariko akoreshwa mu “mvugo z’amayeri” zifise intego yo kwerekana ko Trump azwi cane mu Banyamerika b’abirabure.

Umwe mu bakoze ano masanamu yabwiye BBC ari: "Jewe si ndiko ndavuga ko ano masanamu ari ay’ukuri".

Ano masanamu y’irementanya y’abirabure bashigikiye Trump yakozwe na AI, ni bimwe mu bigize amakuru yo guhuvya agenda akwiragizwa imbere y’ano matora ategekanijwe muri Munyonyo (11).

Mu buryo butandukanye na 2016, aho habonetse ivyemezo vy’uko hari abanyamahanga bivanze mu matora, ano masanamu yakozwe na AI yabonywe na BBC yahinguwe yongera akwiragizwa n’Abanyamerika bo nyene.

Mu - Figure 2
Photo BBC News

Umwe muri bo ni Mark Kaye n’umurwi wiwe mu kiganiro co kw’iradiyo yo muri Florida.

Bakoze isanamu ya Trump ariko aramwenyura yaraganzuriye amaboko yiwe ku birabure b’abagore bari mu birori baca bayikwiragiza kuri Facebook, aho Kaye afise abantu bamukirikirana barenga umuriyoni.

Ari muri studio yiwe, Kaye avuga ati: " Jewe si ndi umunyamakuru afata amasanamu.

"Si yo mba ndi ngo mfate amasanamu y’ibiriko biraba. Jewe nandika inkuru gusa”.

Insiguro y'isanamu,

Mark Kaye yabwiye BBC ko ni hagira umuntu atora uku canke kuriya kubera amafoto ya AI kizoba ari ikibazo ciwe

Skip podcast promotion and continue reading

End of podcast promotion

Yari yanditse inkuru y’abirabure bashigikiye Trump, aca ashirako n’ino sanamu, ivyatumye abantu bafata ko aba bantu bose bashigikiye uno mu Repubulika ariko arondera kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Mu bagize ico babivugako kuri Facebook, abatari bake basa n’abemeza ko ino sanamu ya AI ari iy’ukuri.

Avuga ati: "Jewe si ndiko ndavuga ko ari iy’ukuri, nta n’uko ndiko mbwira abantu nti, 'Yemwe yemwe, ni murabe Donald Trump yari muri ibi birori ari kumwe n’aba Banyamerika bose bakomoka muri Afrika. Raba ingene bamukunda cane’!

"Nimba hari uwotora uku canke kuriya kubera ifoto imwe gusa abonye kuri Facebook, iyo ni ingorane y’uwo muntu, si ingorane y’ino nkuru ubwayo".

Mu - Figure 3
Photo BBC News

Iyindi sanamu ya AI yabonywe n’itohoza rya BBC ikaba yararabwe cane yerekana Trump yifotoza yicaranye n’abirabure ku rubaraza.

Yasohowe ubwa mbere na konte itwenza isanzwe ikora amasanamu y’uno yahoze ari umukuru w’igihugu, ariko yaje kumenyekana cane igihe isohorewe ubugira kabiri ifise amajambo ayisigura mashasha yabesha ko yari yahagaritse urugendo rwiwe yarimwo kugira ngo aramukanye n’aba bantu.

Ahavuye isanamu, AI-GENERATED IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Iyi sanamu yararabwe cane ku mbuga hwaniro ifise amajambo ayidondora avuga ko Trump yari mu rugendo maze arahagarara kugira ngo yifotoze n'aba bantu

Twahavuye tubonana na nyene iyi konte yitwa Shaggy, umunywanyi akomeye cane wa Turmp aba mu ntara ya Michigan.

Mu butumwa yarungikiye BBC ku rubuga hwaniro, yavuze ati: "[Ivyo nandika] birakwega ibihumbi n’ibihumbi vy’abakristu/abakristo b’umutima mwiza”.

Ngerageje kumubaza ivyerekeye n’ano masanamu ahingurwa na AI, yaciye anzibira.

Inkuru yiwe yakurikiranywe n’abantu barenga imiriyoni 1,3, nk’uko urubuga rwa X rubivuga. Bamwe mu barukurikirana barayiyamiriza, ariko abandi basa n’abemeza ko ino sanamu ari iy’ukuri.

Sinigeze mbona amasanamu nk’aya yerekana Joe Biden mu gice kanaka c’abanyagihugu. Amasanamu ya AI y’umukuru w’igihugu akunze kumwerekana ari umwe canke ari kumwe n’abandi bategetsi bakomeye kw’isi, nka Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya canke Barack Obama yahoze ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu - Figure 4
Photo BBC News

Amwe akorwa n’abakeba, ayandi agakorwa n’abamushigikiye.

Mu kwa mbere, Biden we nyene yaraguye mu mporero y’uwamwiyitiriye akoresheje AI.

Ijwi ry’irementanya ryamwiyitiriye ryasaba abanyagihugu kutitaba amatora y’ibanze ya New Hampshire yashaka kwitozamwo.

Umunywanyi w’umugambwe w’aba-Democrat yaremeye ko ari we yabikoze, akavuga ko yashaka kugabisha mu kwerekana ingene abantu bashobora gukoresha nabi ubu buhinga.

Cliff Albright, umwe mu batanguje umuhari Black Voters Matter, avuga ko bigaragara ko hari amayeri yasubiye kwaduka yo gukwiragiza amakuru y’ibinyoma yizizira abirabure, nk’uko vyagenze mu matora ya 2020.

Ati: "Biramaze kuboneka ko hari inyandiko z’ibinyoma zigerageza kwizizira abirabure, canke cane urwaruka”.

Insiguro y'isanamu,

Cliff Albright arongoye ishirahamwe rihimiriza abirabure kwitabira amatora avuga ko abirabure bakiri bato biziziwe mu makuru yo guhuvya

Namweretse amasanamu yahinguwe na AI mu biro iwe muri Atlanta mu ntara ya Georgia – intara ikomeye cane, aho agace gato gusa k’abirabure batora bashoboye kwumvishwa guheba Biden bagatora Trump, bishobora gutuma ibintu bihinduka cane.

Icigwa giherutse gukorwa na New York Times hamwe na Sienna College casanze ko mu ntara mahindagu (swing states) nyamukuru zitandatu, ibice 71% vy’abirabure bashigikiye Biden mu 2024, igitigiri cagabanutse kuva kuri 92% mu gihugu cose vyamufashije gutsinda amatora aheruka.

Albright avuga ko amashusho y’irementanya ajanye n’amajambo abanywanyi ba Trump bakunze gucisha ku mbuga ngurukanabumenyi afise intego yo kwigarurira amajwi y’abirabure. Arondera cane cane abagabo bakiri bato bazwi ko biteguye gutora Trump gusumba abagore b’abirabure.

Amayeri yo gukoresha amakuru yo guhuvya mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika yatanguye gukoreshwa kuva mu 2016 igihe Donald Trump atsinda. Kuva ico gihe, habonetse ivyemezo vy’ibihugu vy’abakeba, nk’Uburusiya bwakoresheje amakonte y’ibinyoma mu kugerageza gucanishamwo abatora no kubateramwo ivyiyumviro kanaka.

Mu 2020, hari hitaweho cane cane amakuru yo guhuvya yakorerwa mu gihugu – cane cane amajambo y’ibinyoma ko amatora y’umukuru w’igihugu yibwe yakwiragizwa n’imbuga hwaniro za Amerika akemezwa na Trump hamwe n‘Abarepubulika bamwe bamwe.

Read more
Similar news